INDONGOZI YO KWIGA BIBILIYA

image de fond

IGIKORWA C’IMANA CO KURONDERA ABAZIMIYE

Trimestre 4

Indongozi y'abakuze

Reka amajambo mutangure kugira ikintu mukoze!Mu myaka iheze, kimwe mu binyamakuru vyacu vy‘Abadvantiste, cigeze gusohora umugani wavuga ibijanye n‘ikidengeri c‘amazi giteye ubwoba. Mu gihe abantu baba bariko baca mu nzira yaca muri co, kenshi na kenshi barananirwa maze bagahera muri co. Amajwi yabo yo gucikana yakunda kwumvikana mu gisagara cose cari i ruhande y‘aho hantu. Vyari bibabaje. Abantu bahavuye bakoranya inama nkuru y‘igisagara. Uko biri, barakunda gukoranya amanama menshi nk‘ayo. Ivyiyumviro vyinshi hamwe n‘ibitabo vyinshi vyarihweza imvo n‘ibindi bintu bishobora gutorera inyishu ico kibazo. Ariko nta kintu na kimwe cakorwa uretse gusa kuguma bakorana kandi bavuga. Ibiganiro nk‘ivyo vyamazeikiringo c‘imyaka myinshi. Abantu mbere barandika n‘ibitabo kur‘iyo ngingo. Mbere baranatumizako abarimu bo gushikiriza ivyigwa. Abantu baragurisha n‘ivyo batunze kugira ngo begeranye amahera yo kuronderera ibifungurwa abantu bamara amasaha menshi bicaye mur‘ayo makoraniro. Erega, hari n‘amahera yatozwa kugira ngo bazohave bubaka inzu y‘amakoraniro y‘izo nama kugira ngo amajwi y‘abantu bagwa mur‘ico kidengeri ntazoshobore kuzibiranya ababa bicaye mur‘ivyo biyago vyaguma bikorwa. Ariko nta muntu n‘umwe yagerageza kugira ico akora kugira ngo afashe abantu baba bari mur‘izo ngorane. Kandi nta muntu n‘umwe yagira ico akora kugira ngo abuze ko abantu benshi baguma bagwa mur‘ico kidengeri. Baguma gusa bavuga. Rero ishengero ryose muri rusangi canke umugwi wanyu w‘ishuri ry‘Isabato mu buryo bw‘umwihariko ntirishaka kuba nk‘abo bantu bo mur‘ico gisagara. Turakunda ikiringo cacu co gusengera hamwe, kwiyumvirira hamwe, gusabikanya no guhanahana ivyiyumviro. Ariko turondera gushika kure kugira ngo tugire ico dukorera abantu badukikije. Dushaka kuzana amahinduka aho tubaye no kw‘isi yose. Dushaka ko igikorwa kirangira, kandi dushaka ko Yesu agaruka. Indongozi yo kwiga Bibiliya yo muri ano mezi atatu yagenewe kudukangurira gushira ivyiyumviro vyacu ku kungene twosohoka tukaja ahantu hanaka maze tukagira ikintu dukora. Tuzokwihweza inkuru nyinshi zo muri Bibiliya. Tuzosoma ibintu vyinshi binejereje vyagiye bishika kandi tubone n‘uburorero bwinshi. Tuzokwiga ibijanye n‘ibikoresho dufise vyo kudufasha mu gihe co kuja kubwira ubutumwa ababanyi bacu (cane cane barya bantu batigeze baba Abakristo). Ariko ivyo bizoba akaryo gusa ko kurabirako no kudusunika. Umwitwarariko nyakuri, intimatima nyakuri ya buri cigwa, ni vyo tuzogenda dusangizwa ku misi ya gatanu ya buri yinga – akamo ko kuja kuvuga ubutumwa, nk‘uko biri, no kugira ico dukora. Tuzosabikanya Ivyigwa vy‘iyobokamana Icipfuzo cacu ni uko twozofata kandi dutange n‘ivyiyumviro hamwe n‘ibikoresho iki cigwa c‟aya mezi atatu muzokoresha. Kandi buri gace kose k‘icigwa co nk‟aho ari muri ca gihe ku wa gatanu kazogira ico kavuga ku kuntu ivyo Mpwemu Yera yahingura neza bibazo biriko bitorerwa inyishu. Bizotangura ibikorwa vyacu biciriritse hama vyoroshe. Ariko uko ayo mezi atatu azogenda akabikoresha mu kurondera yegereza ku mpera yayo, ni ko hazogenda abazimiye mu buryo haboneka ibindi bibazo. Ihangiro ni iry‘uko umwe bw‟igitangaza kugira ngo wese muri twe agira izo ngorane iziwe, asenge aheshe izina ry‟ Imana kugira ngo Mpwemu Yera atuyobore, yongere icubahiro n‟iteka kandi afate umwanya wo kwinjira mu bintu bizohanahanwako ivyiyumviro mw‘iyinga rikurikira. Uyu si umwanya wo kwishira hejuru, ariko ni umwanya wo gusabikanya n‘abandi – haba mu vyagenze neza canke mu bitagenze neza. Mu gihe duhanahana ivyiyumviro, ni ko umugwi wacu ugenda wunguka ibindi vyiyumviro. Imitwaro yo gusengera nikwo izogenda yongerekana (iy‘umuntu ku giti ciwe n‘iy‘umugwi wose muri rusangi). Mu kurangiza, icipfuzo cacu ni ic‘uko ivyigwa vyo muri ano mezi atatu vyokwama vyibukwa atari kubera ivyiyumviro vyarimwo gusa, inkuru zari ziryoshe, canke ivyigwa vyimbitse vyo muvy‘iyobokamana. Ibi bishobora kuzobamwo – ariko dukeneye vyinshi cane nk‘ivyo. Icipfuzo cacu ni uko twozofata iki cigwa c‘aya mezi atatu nk‘aho ari muri ca gihe Mpwemu Yera yahingura neza ibikorwa vyacu biciriritse hama akabikoresha mu kurondera abazimiye mu buryo bw‘igitangaza kugira ngo aheshe izina ry‘ Imana icubahiro n‘iteka Ibigo vy‘ubutumwa bwiza kw‘isi yose ubwa mbere vyabanje gushingwa na Konferanse Jenerale mu 1 980. Vyakorera munsi y‘uburongozi bw‘ibiro bijejwe Ubutumwa kw‘isi yose vy‘Abadivantiste muri Konferanse Jenerale. Gushika ubu hariho ibigo bitandatu. Inshingano yavyo ni iyo gufasha amashengero kugira ngo atanguze imigwi mishasha y‘abizera mu bantu bo mu karere kanaka badasanzwe ari Abadivantiste mw‘isi yose. Igihe iki cigwa candikwa, abarongozi bakuru b‘ivyo bigo (Petras Bahadur, Richard Elofer, Kleber Gonçalves, Clifmond Shameerudeen, Doug Venn, Amy Whitsett, Greg Whitsett), bafashijwe na Homer Trecartin (umurongozi w’ikigo kimwe ca Misiyo Globale), hamwe na Jeff Scoggins (umurongozi ajejwe gukora integuro muri Misiyo Globale), abo bose hamwe ni bo baduteguriye iyi Ndongozi yo kwiga Bibiliya yo gukoresha mw‘ishuri ry‘Isabato. Ukeneye kumenya vyinshi, ja ku rubuga www.GlobarlMissionCenters.org.

Image de garder

Indongozi y'abasore

Iragi ry’ Abadventiste: Umwidondoro wacu, Inshingano, n’ Ubutumwa 2

Mu myaka iheze, abantu bari bararajwe ishinga no kumenya inkomoko yabo. Amashirahamwe n‘ amahinguriro atunze cane yarashinzwe kugirango bitorere inyishu ico kibazo cariko cibazwa na benshi, batanze uburyo bw‘ ukwipimira ADN kuri buri muntu uwo ariwe wese akabikora mu buryo bunyarutse kandi bikaba vyoroshe cane kwipimira ubwawe ADN ibi vyatuma abantu bamenya urugero rwa ADN yabo mu kuba Abashinwa, Abanyaburaya bo mu buraruko, Abanyafrika y‘epfo, canke nimba ari Abanyamerika kavukire, twanditse hake mu gutanga uturorero duke. Abantu benshi barashishikajwe cane na kahise kacu kuko kukamenya bigira ingaruka kuri kubu na kazoza. Kahise niko kaduha kumenya akarangamuntu. Mu buryo nk‘ ubwo, kumenya kahise k‘ ishengero ryacu biduha gutahura intumbero yacu haba muri iki gihe hamwe n‘ ikiri imbere. Ibihe vyaheze, ivy‘ ubu, n‘ ibizoza ntibishobora gutandukana. Kahise k‘ ishengero ryacu ni inkuru nziza ivuga ivyiza vy‘ Imana. Ishengero ry‘ Abadventiste b‘ Umusi w‘ Indwi rihagaze ku bitugu vy‘ ibihangange vyo mu Mpwemu, abo bakurikiye Inzira y‘ ivugurura rya Miller barabandanya kugeza kw‘ ivugurura ry‘ abaporotesitanti. Ishengero ryacu ryashinzwe hagati yo mu 1800 n‘ inyuma y‘ 1800, kandi mu gihe ryashingwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ryakwirakwiriye ku migabane yose yo kw‘ isi mu myaka iri hagati ya mirongo itatu na mirongo ine. Rihawe ishusho kandi riyobowe n‘ Ivyanditswe Vyera, ubutumwa n‘ akaranga vy‘ ishengero ryacu vyatumye isi yose yuzurwa n‘ amashengero, amazu asohora ibitabo, ibitaro, n‘ amashuri vyegukira iryo Shengero. Ivyo ntabwo aribwo bushakashatsi bwuzuye kuri kahise k‘ ishengero ryacu, ariko bitanga umwidondoro w‘ abantu bakurubakuru turi kumwe n‘ ivyabaye nk‘uko bifitanye isano n‘ivyo twemera nk‘ ishengero kandi bikaduha karangamuntu y‘ abo turi bo. Ni kahise gatoya, ariko twizera ko dushobora guhuza nako. Ibi bitandukanye cane n‘ imvugo zari ziyobowe n‘ abashakashatsi, abahinga mu vy‘ indimi, n‘ amashure bavuga ko umugwi w‘ Abadventiste washizweho n‘ abarimyi, abakora amasabune, n‘ abakapiteni b‘ amato, n‘ abasore n‘ inkumi bafise amashuri make cane. Abakoranabushake baryo bambere bari bagizwe n‘ urwaka ruri mu myaka ya 20. Ryari ishengero rito riyobowe n‘ urwaruka, rumeze nk‘ isosiyete yatangujwe yuzuyemo ivyiyumviro vy‘ inkomezi z‘ abasore, icerekezo nyamukuru cabo cari icipfuzo co guhindura isi. Imbere na mbere hategerezwa kubanza icipfuzo co gutahura neza Ijambo ry‘ Imana no kuba abizerwa kuri Bibiliya. Uyu musi, Imana iracarondera abantu babishaka, abato n‘ abakuze, ariko imitima yabo ikaba iy‘ intahemuka. Nta gihe na kimwe uzogira imyaka ikubuza kwitaba umuhamagaro w‘ Imana. Biracari ukuri ko "inyonga z‘ Uhoraho zinyuranganya mw‘ isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye" (2 8 Ngoma 16: 9). Ubusore bw‘ aba bakozi bambere bacu buradutera intege zo kwakira inshingano z‘ igikorwa c‘ Imana hakiri kare. Ni nkenerwa kwibuka ko abo bakoranabushake bari abantu bapfa, abantu bihenda bakoze amakosa, bamwe muri bo kandi birashobora kuba vyaranashika bakananirwa mu kwizera bahora bavuga. Inkuru y‘ aba bakoranabushake b‘ Abadventiste yerekana ko inzira yo kurondera ukuri itegerezwa guteba, kurambirana, kutavugwako rumwe, kandi ikabamwo n‘ ibibabaza. Zimwe mu nyigisho zikomeye mw‘ ijambo ry‘ Imana ntabwo zahise ziboneka ubwo nyene ahubwo zatwaye imyaka kandi imyaka iharurirwa muri mirongo. Ariko, Imana yari ihangayikishijwe n‘ urugendo rwo kumenyesha ukuri kandi muri vyose yariko yerekeza aho bitegerezwa gutumbera. Yararindiriye yihanganye mu gihe ubwoko bwayo bwariko bwihenda, bo bazi ko bariko bakurikira inzira bakwumva kandi ko kugera ku vyemezo biciye mu nzira nziza arico kintu c‘ ingirakamaro kuruta ibindi. Ibi tuzobibona neza kuko twarabihawe mu vyigwa vyacu bizoboneka muri iki gice, tuzobona ibihe bitandukanye vya kahise k‘ ishengero ryacu hamwe n‘ ukuri kw‘ inyigisho zabonetse muri buri gihe. Tuzoraba kandi uburyo buri kuri kwagize ingaruka kw‘ ishengero mu buryo budasanzwe. Muri buri gice, tuzokwiga ukuri kw‘ ingirakamaro kwabonetse, abantu bakomeye babigizemo uruhare, impari bakuye mu nzira, hamwe n‘ ivyigwa vyambere vya Bibiliya bize. Iyi ndongozi ni ubutunzi budasanzwe bushobora kugufasha kwiga ku giti cawe, mu murwi w‘ ishuri ry‘ Isabato, kandi no mu migwi mitomito ya Bibiliya. Ibice vyinshi birimwo amasanamu ya mfashanyigisho magufi yakozwe na Adam Ramdin, yerekana inkuru z‘ ingirakamaro. Imihora y‘ izo mboneshamashusho yaanditswe ahantu, aho ivyabaye vyabereye kugira ngo bifashe abaziraba barabe neza inkuru z‘ abakoranabushake bacu. Izi mboneshamashusho ushobora kuzishikako kugerwaho ukoresheje imirongo (link) iri mu vyigwa vyo mu ntangamarara canke ukinjira kuri www.lineagejourney.com hanyuma ugatumbera mu kiringo ca 2 (Season 2). Turasaba ngo ubu bushakashatsi hamwe n‘ ibi bikoresho bizogufashe kumenya iragi ryawe ryo mu vya Mpwemu kandi binagufashe gukomeza umubano wawe na Yesu.

Image de garder